Ivyaha vyanje vyose
Indirimbo ya 95 muri Cantiques Kirundi
1. Ivyaha vyanje vyose
Yarabishizweko
Nah' atigez' akora
Icaha na kimwe.
Ndamwegera, ndasenga,
Jew' umunyavyaha,
Nizigiy' ic’ ambgiye,
At' Urahariwe.
2. Kand' ibingora vyose
Ndabimuremeka,
Nta wundi yoncunguye,
Atar' Umukiza;
Ndamwegera nj' ah' ari,
Nnaniwe, mbabaye,
Ngaruka mfis' intege,
Abinneshereje.
3. Ni we mahoro yacu
Iy' av' akagera.
Yo mur' ubu bugingo,
Bo no mu buzoza.
Imanuweli Kristo!
N'izina riryoshe,
Ritamirana hose
Rirush' imibavu.
4. Muri Yesu wenyene
Ni h’ amahor' ari,
No muri Mpwemu Yera,
No mu Mwam' Imana;
Nta handi tuyaronka,
Nta hand' aboneka:
Ndanezerewe cane
Kubana na Yesu.