Ewe Krist' umutwaro wanje
Indirimbo ya 83 muri Cantiques Kirundi
1. Ewe Krist' umutwaro wanje
Warawiremetse,
Wishize mu gishingo canje,
Umber’ ikimazi;
Wawunkujekw ‘amaraso,
Sinkiwikoreye.
2. Urupfu n'umuvumo vyari
Mu gikombe canje,
Waraciranguje kubganje,
Maz' usubizamwo
Imigisha mu gishingo
ca wa mururazi.
3. Imana yabanguy' inkoni
Kugira ngw impane,
Ariko ntiyanshikiriye,
Yamashuye wewe:
Imimyore yawe Yesu
Ni yo yankijije.
4. Hagigimye nyamutikiza
Kiguhitirako,
Wampishije mu gikiriza
Ngo ntikinnyukure;
Cakumpondeyeko Mwami,
None hareyutse.
5. Imana yasokoy' inkota
Iragusogota,
Ipfushwa n'amaraso yawe,
Nta c'ikingir' ubu:
Umutima waw' ucika
Urwubati rwayo.
6. Mukiza narapfanye nawe
Kuko wampfiriye,
Warazuts' unkura mu ngoyi,
Uc’ ungereramwo;
Uranyeza ngo nze nshike
Mu bgiza mw’ijuru.