Ni muvuz' impundu bamarayika
Indirimbo ya 81 muri Cantiques Kirundi
1. Ni muvuz' impundu bamarayika,
Kuk' umunyavyaha yihanye!
Eh' ingen' Iman' imusanganiye,
Wa mwana wayo w' icangazi
Amasakramentu:
Kaza, kaza ! ni kw imubgira;
Kaza, kaza! ni mumwakire: Abamarayika
bararirimba,
Banezererw' uwo yihamye.
2. Ni muvuz' impundu bamarayika,
Kuk' uyu yuzuye n' Imana;
Uyu munt’ akiz' ingero y’ivyaha,
Akab' avuts' ubga kabiri.
3. Ni muvuz' impundu bamarayika,
Vuz' inanga zanyu, ririmba!
Kwiz' iyo nkuru nziza, yandagare,
Yuk' umunyavyah’ akijijwe.
4. Ni muvuz’impundu bamarayika,
Zumvikane no mur' iyi si:
Icaremwe gish' iyo kibonetse
Vyose birahinduka bisha