Ntukine ku bugingo
Indirimbo ya 77 muri Cantiques Kirundi
1. Ntukine ku bugingo,
Urupfu rwokujana,
Wewe wa munyavyaha,
Yes' arakuburira.
2. Umubir' uguhenda
Utembanwa n'umuvo,
Uj' iy' utagaruka:
Reka kujandajanda.
3. Imana yo ntikina,
C' uyitakambir' ubu,
Itarac' amateka,
Imbabazi zishize.
4. N'usigeho gukina,
Urupfu, ruri hafi,
Uzoranduka gusa
Ni wagum' uk' ur'uko.
5. Va mw itir’ ikangure,
Va has' uhunge ntupfe,
Yesu n'ubukiriro,
Arakurorereye.