Nk’uko Mose yamanits' inzoka ku giti
Indirimbo ya 69 muri Cantiques Kirundi
1. Nk’uko Mose yamanits' inzoka ku giti,
Abacikana bakayiraba,
Bagakir' ubgo bumara, bagakomera,
Kubg' imbabazi z'Uhoraho:
Ni ko na Yesu; Yatumanikiwc ku musaraba kera:
Tumurabe tumwizigire.
2. Mutim' ubabaye, rab'uwagupfiriye,
Raba Yesu yakumanikiwe,
Munyavyah' umutumbere, ni w'agukiza,
Umurabe, nuk' urakira.
Raba, wizere! Uguharirwa kwawe kuv’I Gologota,
Raba raba ku musaraba.
3. N'iki catumy' Umwana w'Iman’ababazwa?
Umv' icatumy' abambga ku giti
Akambikw' igitsibo c' amahwa mu mutwe:
Ni kubgawe, n' ivyaha vyawe. Raba, wizere!
Urupfu n'urw'Umukiz'imyandu n' iyawe,
Raba raba ku musaraba.
4. Naho worir' ukicuz' ukanatuntura.
Ntivyokur' ibicumuro vyawe,
Rab' impongan' ikwiranye n'ivyo wakoze
N' amaraso ya Yesu masa. Raba, wizere!
Wizer' uwakubambiw'aragutunganya,
Raba raba ku musaraba.
5. Imimyore yiwe ni yo gus' idukiza;
Yesu n'ukugororoka kwacu.
Ngo wambar’ukugororoka Yes' atanga,
Nta gushaza kungana gurtyo. Raba, wizere!
Yesu kw’ ariho wam' ubizi k'utagipfa,
Raba raba ku musaraba.