Mu bari mw isi nta wugororoka
Indirimbo ya 68 muri Cantiques Kirundi
1. Mu bari mw isi nta wugororoka,
Kandi nta wuri no mw ijuru.
Atar' abizera ko bogejwe de
N'amaraso ya Yesu gusa.
Amasakramentu:
Wogejwe na Yesu?
Watunganijwe n'amaraso?
Har' aho yakwuhagij'amaraso?
Mbeg' imyambaro yaw' irera?
2. Amaraso ya Yesu yogej' artyo
Abanduy' imitima yabo:
Ntimukererw’ ariko munyaruke
Mwisuke mu maraso yiwe.
3. Umukiza ni yaz' agarukanye
Ubgiza no kwubahwa rwose,
Abataribgezwe bazinjir' i we
Mu birori vy' ubukwe bate?
4. Ntibazohagarar' imbere yiwe,
Bazohinduk' ubgoba gusa,
Wiyambure rer' impuzu zanduye,
Ubone kwambar' iy' ubukwe.