Nogir' indim' igihumbi
Indirimbo ya 6 muri Cantiques Kirundi
1. Nogir' indim' igihumbi
Na ho vyonanira
Kuririmb' uko bikwiye
Ishimwe ry' Umukiza.
2. Mana yanje, ngwin' umfashe
Kwamamaza hose
Icubahiro n' ubgiza
Vy' izina ryawe ryiza.
3. N' izina rihumuriza
Mu bgoba dufise,
Riduh' ubugingo busha
N’ amahoro y' Imana.
4. Yes' abasha kwic' icaha,
Abohor' imbohe,
Amaraso yiwe yeza
Umunyavyaha nkanje.
5. Gipfamatwi we, n' umwumve,
Kiragi, ririmba,
Mpumyi we, rab' Umukiza,
Kimuga we, n' usimbe!