Yes' arakurorereye
Indirimbo ya 56 muri Cantiques Kirundi
1. Yes' arakurorereye,
Aragukunda;
Araguhamagar' ati
Ngwino hano.
2. Umvir' amagambo meza
Akubgir' ati
Nabambiwe kugira ngo
Ngucungure.
3. Imbabazi zanje nziza
Uzankir' iki?
Ntiwonyizer' ukakira
Agakiza?
4. Mbe ntumaz' imyaka myinshi
Uri mu vyaha,
Ujakariye Satani:
Nturambiwe?
5. None reka nkubohore,
Naw' unyizere,
Uz' aho nd' unezerewe
Ub' uwanje.
6. Yesu yamy' akubgir' ayo
Majambo meza,
Umve yongera kwinginga,
Womwank' ute?
7. Ntutebe, kukw ijwi ryiwe
Ryoca rihora;
Ubu n' igihe cemerwa,
Emer’ ubu.
8. Mwami Yesu, singitevye,
Ehe nditavye:
Kub' umugurano wawe
Ni co nkunze.