Nizigiy’Imana, N'Umwana w’Intama
Indirimbo ya 40 muri Cantiques Kirundi
1. Nizigiy’Imana, N'Umwana w’Intama
Yampfiriye; none ndamusaba
Ngw anyoz' umutima,
Maz'ac'anyakira, ncik’umwana.
2. Ndakwinginga wewe, Yesu Mukiza we,
Ntabara se; Ndashak' urukundo,
Kandi n' umugisha,
Ngomba wa muco, wake muri je.
3. Ibi birangoye, Numva bimbabaje.
Ndiganyira; None Yesu wanje,
N' ubinkize vyose,
Ngende nnezerew’ imyaka yose.