Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Indirimbo ya 354 muri Cantiques Kirundi
1. Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Rworuha ruseranguruka?
Rusumb’ukwezi rusumb’izuba,
Kand’ikuzimu rushikayo;
Rwatumye Yes’aza mw’isi yacu
Ngw’iduh’ahturuhure;
Mbere na wa mwana w’icangazi
Rwatunye S’amwakira.
Amasakramentu:
Mbeg’urukundo rw’Imana yacu
Rwogereranywa n’iki?
Mw’ijuru no mw’isi ntibasiba
Kwama baruririmba
2. Ingoma zose zo mw’isi yacu
Zama zigenda zikuranwa.
Abank’Imana, ntibayisenge,
Bazopfa bose ntibibukwe.
Yamar’urwoo rukundo rw’Imana,
Rutagir’akagero
Urw’ikunda twebw’abari mw’isi
Ni rwo rutazoshira.
3. Nah’ibiyaga vyocika wino,
Ijuru rikab’impapuro,
Ivyatsi vyose bakabigira
Amakaramu y’abanditsi;
Ab’isi bose bakandikako
Ivy’urukundo rwayo;
Ntibobigeza, ntivyokwirwako
Wino niyo yoshira.
4. Kand’ukw’ikunda wa Mwana wayo
Ni kw’inkunda, ntabibereye;
Nar’umwansi w’umugarariji,
maz’impa Yesu ngw’ambambirwe;
mu bo yakirishij’amaraso,
nzi yuko nanje ndimwo;
nzohohora ndirim b’urwo rukundo;
ndarwamamaze hose