Har' umwanya woha
Indirimbo ya 348 muri Cantiques Kirundi
1. Har' umwanya woha
YesuYakwikorerey' ivyaha?
Nguy' arikw araramutsa,
Mbega ntiwomwinjiza?
Amasakramentu:
Shitsa Yesu mu mutima,
Itab' ijambo ryiwe:
Mwugururire n' ingoga
Bikigushobokera.
2. Mu mutim' ufis' umwanya
W' ibiguhimbara bindi,
Ariko Yesu yabambge
Nta mwany'umufitiye!
3. Har' umwanya w' ivya Yesu
Wobonana gucurumba?
Ubu n' igihe gikwiye,
Umwitab' umwinjize.
4. Uhe Yes' umwanya none.
Igihe ntikikurenge:
Utarahav'uteterwa,
Ngw ahebe kukwinginga.