Igihe baregera Yesu
Indirimbo ya 347 muri Cantiques Kirundi
1. Igihe baregera Yesu,
Mw ikomb' imbere ya Pilato
Yabajij' abantu bos' ati
Yesu ndamugire nte?
Amasakramentu:
None Yes'uramugir'ute?
Hitamwo bigishoboka:
Hazoz' umus' uzibaz' uti
Jeh' arangirir' ate?
2. Ivyo na non' ubihitemwo,
Ubigomvye womwahakana
Canke womwakiran' ineza,
Non'uramugir' ute?
3. Nta kujan' inzira zibiri
Nk' uko Pilato yagejeje:
Hanyuma vyaramunaniye:
Non' uramugir' ute?
4. Petero yahisemwo nabi
K uko yihakanye Shebuja;
Ariko weho mwemangire:
Yes' uramugir' ute?
5. Yesu ndaguhay' umutima,
Ndemeye kukugendanira;
Nzokwama ngukunda nkwumvira:
Yesu nzokugenza ntyo.