I. Yemwe basoda ba Kristo muvyuke
Indirimbo ya 338 muri Cantiques Kirundi
1. I. Yemwe basoda ba Kristo muvyuke
Murasane n'isi na Satani n' inyama;
Rwana n' inkomez' intambara nziza,
Umusaraba n' ibender' imbere yanyu.
Jana n' Umukiza, arabarongora:
Dufis' Umugabish'azoduha kunesha.
2. Mwa ntumwa ziwe, Yes' arabatumye,
Ati Muje mu bihugu vyose vyo mw isi:
Kwiz' ubutumwa mu baremwe bose,
Babgire ko Yesu yabaguz' amaraso.
Muvugish' akanwa yuko Yes' akiza,
Ni we yadutumye kubg'urukundo rwiwe.
3. Yemwe, Bakristo, muvyuke n' ingoga,
Domek' amatara yanyu, ni mube maso.
Wa Mukw' araje mumusanganire,
Azojan' abireguye hirya mw' ijuru.
Musengan' umwete, koran'inkomezi,
Eh' araje nk' uko yadusezeranije.