Iki gihe tumaranye
Indirimbo ya 333 muri Cantiques Kirundi
1. Iki gihe tumaranye
Turongowe na ya bendera,
Dutandukany' ar' amahoro
Dufis'akanyamuneza.
2. Bagenzi bo ku mutima,
Abo dusangiy' agakiza
N' intambara y' umusaraba,
Imana n'ibazigame.
3. Hairih' ijambo dusoma
Mu gitabo cera c'Imana:
Mutumbere Yes’Umukiza,
Ntimukamuharuruke.
4. Kumbur' amaso yob' aya
Ntitwongere kuzobonana,
Ariko twes' abakijijwe
Tuzohurir' i Siyoni.
5. Nuko bagenzi dukunda,
Twabonanye wa musaraba
Mur' iki gihe tumaranye,
Gendan' Imana bagenzi.
6. Mw ijuru har' ingabire
Nyinshi cane z'abayobotse;
Mwumire ku gakiza kanyu
Mwahawe mu matangura.
7. Ya mahoro yo mw ijuru
Atwuzuremwo twebge twese,
Kumbur' Ishengero ry'Imana,
Rikir' imitim' ibiri.
8. Twihan' ubugararizi
Ubg' abatubah'Uhoraho, -
Tumenyc yuko twebge twese
Tuzoshirw' imbere yiwe.
9. Kumbure Yesu yoz' ubu
Agasanga tutiteguye,
Akatugerer' ingero mbi,
Nya ngero mwumva n'urupfu.
10. None rero n'agasaga
Bene Data dufatanije;
I wacu twese ni mw ijuru
Tuzohorana na Yesu.