Kera Yes' akiri mw isi
Indirimbo ya 332 muri Cantiques Kirundi
1. Kera Yes' akiri mw isi
Yabgiy' abigishw' ati
Tujabuke tuje hakurya,
Ni tujane mu bgato.
Bakigcnd' arasinzira,
Haz' igihuhuta,
Imipfunda yisuka mu bgato,
Bgariko buruzura.
Amasakramentu:
Yikanguy' azibiz' ikiyaga,
Ngo Hora,
Kandi nta ngunza nta muyaga,
Nta dayimoni kandi nta n'abantu,
Nta coshobcra kwubik'ubgato
Burimw' Umukiza w'ubugingo:
Vyose Yes' azobizibiza,
Ngo Hora, cereza
Nta kitazomwumvir' avuze
Ngo Cereza
2. Mwam' umuyaga ni mwinshi,
Kandi turi mw irinde.
Imipfund' igiye mu bgato
Buriko buruzura.
Mwami, ntubabaye yuko
Turiko turapfa?
Arikangur' azibiz' ingunza.
Ngo Tekereza, hora!
3. Yesu singifis’ ubgoba,
Ko har" agacerere,
Umparir' ukwizera guke
Kwatumye ngir' ubgoba.
None hareyutse rwose
Mu mutima wanje,
Umpe kwama nkwizigira cane,
Ngukurikire hose.
Gusezerana