Ah' umubano mwiza
Indirimbo ya 322 muri Cantiques Kirundi
1. Ah' umubano mwiza
Uba haba heza,
Abakundana bose
Baban' amahoro,
Abakundana bose
|:Baban' amahoro.:|x2
2. Nk' ukw imvur' iy' iguye
Ihembur' ibintu
Ni k' Umukam' agomba
|:Kwez' abakundana.:|x2
3. Kand' umubano mwiza
Urubak' urugo,
Mu baban' amahoro
|:No mu bakijijwe.:|x2
4. Kand' umuc' ugakwira
Mu bihugu vyosc;
Bicik' umukuk' umwe
Umwunger' ab' umwe.