Haj' Umuntu ku ruzi
Indirimbo ya 317 muri Cantiques Kirundi
1. Haj' Umuntu ku ruzi,
Umwana w' umworo,
Abonek' ari musi
Y' abandi bo mw isi.
2. Yavuy' i we mw ijuru,
N' uw' ibihe vyose,
Yavukiye mu bantu,
Ahinduk' umuntu.
3. Abarira Yobana,
Ati N' umbatize;
Na w' ati Ni je nkwiye
Kubatizwa nawe.
4. Yes' aramwishur' ati
Emera nonaha:
Nkwiye guca bugufi
No gushik' i bgina.
5. Ivyaha vy' isi yose,
Ivyanje n" ivyawe,
Vyose vyari kuri we,
Yaravyiremetse.
6. Abishikan' i bgina
Mu ruzi rw' urupfu,
Azuk' abisizeyo:
Dushim' Umukiza.
7. Nshimir' Imana cane
Rya batizwa ryiwe
Rinyinjiza mw ijuru,
Mw izina rya Yesu.