Imana yakoze neza
Indirimbo ya 315 muri Cantiques Kirundi
1. Imana yakoze neza
Ibidutangaza,
Abantu bo mur' iyisi
Batamenya na mba.
2. Ni mushim' iyateguye
Inzira ducamwo,
Tukabatubonany'ubu
Tutishwe n' ivyaha.
3. Twari twaratandukanye,
Ariko noneho
Dusubiye kubonana
Dufis' akaneza.
4. Yemwe bagenzi dukunda
Nta co tubagaya,
Mu vyo twafatanijemwo
Turabashimiye.
5. Nuko bagenzi,Ku Mana,
Mw isi ni ko biba,
Abakunda Siyoni nsha
Ni ho tuzobana.
6. Umugisha w' Uhoraho
Uhorane namwe,
Abah' akanyamuneza
Mu rugendo rwanyu.