Twebge tur' abana gusa
Indirimbo ya 297 muri Cantiques Kirundi
1. Twebge tur' abana gusa
Ariko tur' aba Yesu:
Mbega har' ico twokora
Comugirir' ikimazi?
2. Kiriho, kuko ni twumva
Uburake mu mitima,
Tukabunesha kubgiwe,
Tuba tumushimishije.
3. Ni twagarur'ukuboko
Ngo twoye gukubitana,
Tugatekereza gusa,
Tuba tumushimishije.
4. Ni twaguman' amahoro
Tuzomuber' udutara
Two kumurik' i munira;
Na vyo biramushimisha.
5. Naho tur' abana gusa,
Ntihobur' ico twokora
Coshimish' umwami Yesu
Yapfiriye kudukiza.