Dushimish' Imana Rurema
Indirimbo ya 296 muri Cantiques Kirundi
1. Dushimish' Imana Rurema
Imitima yacu
Ivyiza vyose yaduhaye
Mu bugingo bgacu.
2. Tuyishimir' abavyeyi,
N' abo tuvukana bose,
Badukunda, bakatuzigama,
Bakaturera neza.
3. Tuyishimir' imibiri,
Ko yaduhay' amaboko
N' amatwi n' a maso n' ururimi,
Ngo tubiyishimishe.
4. Tuyishimir' Uburundi
Kukw ar' igihugu cacu,
Kirimw' imisozi miremire,
N' imyonga n' imirima.
5. Tuyishimir' utunyoni
Bo n' amashunve n' ibiti,
N' inka n' ibindi bitungwa vyose,
Ko yabiremye neza.