Har' ah' abagore bazany'abana babo
Indirimbo ya 294 muri Cantiques Kirundi
1. Har' ah' abagore bazany'abana babo,
Abigishwa ntibemera, barabirukana,
Ariko Yes' abibonyeArabahamagar' ati
Mukundir' abana ngo baz' aho ndi.
2. Ati Ndabakira, mbarere ku bibero,
Nijewe Mwungere mwiza, ntimubirukane;
Kuko ni bamp' imitima Nzobaha kuja mw ijuru:
Mukundir' abana ngo baz' aho ndi.
3. Dushim' Umukiza ko yakiriy' abana,
Yamara hariho benshi bataranamwumva,
Bataz' izina rya Yesu, N' uko yahamagay' ati
Mukundir' abana ngo haz' aho ndi.
4. Icoduh' abana bo mu mahanga yose
Bakumv' ubutumwa bgiza. bakemera Yesu;
Ubahe kwumv' ijwi ryawe.
No kubon' umuco wawe.
Hamagar' abana ngo baz'ah'uri.