Igitabo c' Imana
Indirimbo ya 289 muri Cantiques Kirundi
1. Igitabo c' Imana
Ndagikunda, n" icanje:
Ni co kimbgir' ukuri
Yuko nd' umunyavyaha.
2. Kinyigish' urukundo
Rw' Umucunguzi wanje;
Kand' iyo ntay' inzira
Y' Imana, kirampana.
3. Iyo ntewe n' ivyago
Kitnmar' umubabaro;
Kinyigisha yuko ndi
Umwambukira mwisi.
4. Igitabo c' Imana
Kimbgira ko kwizera
Yesu kwompa kunesha
Urupfu na Satani.
5. Kandi k' uwanka Yesu,
Agapfira mu vyaha,
Kw ari w' azopfa rubi
Ntabane n' Uhoraho.
6. Kimbgira yukw abera
Bazojanwa mw ijuiu,
Bagahabga na Yesu
Ivyiza bidashira.
7. Igitabo c' Imana
Kinyigish' ivyo vyiza,
Kirut' ibindi vyose,
Nta kindi kinyobora.