Mukiza, ni wewe zuba ryanje
Indirimbo ya 278 muri Cantiques Kirundi
1. Mukiza, ni wewe zuba ryanje,
Nta joro ngir' uri hafi yanje,
Ivy' isi ntibib' igicu
Kinkingiriz' umuco wawe.
2. Kand' itiro ryiz' iyo rigira
Riruhur' amaso yanj' arushe,
Nibuke yuko mw ijuru
Yesu, nzohora nkwiseguye.
3. Wiriranwe nanje Mucunguzi,
Tutari kumwe nobaho nabi;
Twamane kandi mw ijoro,
Tutabanye notinya gupfa.
4. Namba hagiz' uwakengereye
Ijwi ry" Imana kur' uyu musi,
Tangura none Mukiza,
Kumurangir' inzira nziza.
5. Mwam' ubane maso n' abarwaye,
Uh' abaken' imigisha myinshi,
Abagandariy' ababo
Mwam' ubasinzirize neza.
6. Mukiza, tuze twikangurane
Umugish' udufash' ibikorwa,
Ni twapfa tuze tujane
N'urukundo rwawe mw ijuru.