Man' ubu ngira nsinzire
Indirimbo ya 276 muri Cantiques Kirundi
1. Man' ubu ngira nsinzire,
Unzigam' iri joro,
Mbundikiriz' amababa.
Ibibi ntibinzeko,
Ibibi ntibinzeko
2. Kandi Mwami ntararyama,
Mparir' ivyaha vyanje,
N' ivyo nagucumuyeko,
Ubinkureko Mana,
Ubinkureko Mana
3. Kand' uryamik' amahoro
Bene wacu n' incuti,
Bato n' abakuze bose
Babe mu nyonga zawe,
Babe mu nyonga zawe
4. Kand' uraban urukundo
Abababaye bose,
Unezerez' abakene
Abarway' ubakize
Abarway ubakize
5. Mwami ndangij’ivyo nsenga,
Nsinzire nkwiseguye,
Maze mmenye ko nzigamwa
N' urukundo rwa Data.
N' urukundo rwa Data