Wa zub' utumwe kutunezereza
Indirimbo ya 274 muri Cantiques Kirundi
1. Wa zub' utumwe kutunezereza,
Non' ehe buratamanzuye rwose;
Mutima wanje, ririmbir' Imana,
Roresha nonaha ivyiyumviro ku
Mwami mw ijuru
2. Imana yatuginy imbabazi
Zingana n' myenyeri zitovugwa,
Zingana n' udutonyanga tw' ikime;
Kand' uko bukeye wam' ump'imbabazi
Zisesekaye.
3. Imana yaray' inzigamye neza,
N' aba bose bacu n' urugo rwacu,
Kandi nta rupfu rwadushikiriye;
Rwaraturenganye: ndamutse
nkiriho: Mar.a n' ushimwe.
4. Icaha ntikimpumish' umutima;
Mbony' ivy' Iman' igomba ndabikore.
Mana mw ijur' ungirir' imbabazi:
Kand' umpezagirr mu vyo nkora vyose:
Ni wew unganza