Mutabazi wacu Yesu
Indirimbo ya 27 muri Cantiques Kirundi
1. Mutabazi wacu Yesu,
Twese tuguhimbaze,
Ni wewe wadupfiriye,
Yesu Mwana w' Intama.
Amasakramentu:
Tumushime, tumushime,
Icubahiro kibe
lc' Umwana w’intama
Dushim' izina ryiwe.
2. Twar' imbohe za Satani,
Twari mu mubabaro,
Yatuboheshej' ingoyi,
Yes' aratubohora.
3. Tuguh' imibiri yacu
N' imitima n' ubgenge:
Kand' ivyo dufise vyose
Bib' ivyawe Mukiza.
4. Ibiduha kukwizera
Cane n'uk' ushobora
Kuzigam' abo wogeje
Ukabakiz' ivyaha.