Hoba mu gitond' abantu bakivyuka
Indirimbo ya 265 muri Cantiques Kirundi
1. Hoba mu gitond' abantu bakivyuka,
Izuba rimenny" ijuru rikirasa,
Ntituz" igihe, aho Yes' azozira
Amasakramentu:
Aje gukur' abiwe mw isl.
Uzogeza ryari, Yesu? Garuka Mukiza!
Yes' araje, haleluya, haleluya, amen,
Haleluya, amen!
2. Hoba ku murang' abantu bagikora,
Hoba mu gicugu bagisinziriye:
Tuzobon' aje nk' umuravyo w' ubgiza
Gukorany' abiwe mw isi.
3. Ingabo zo mw ijuru zizoririmba,
Ziti Haleluya, dushim' Umukiza!
Zizozanana na we mu bgiza bgiwe
Aje gukur' abiwe mw isi.
4. Wa musi namba tuzoba tukiriho
Tuzoja mw ijuru tutabony' urupfu,
Tujananwe n'abazutse mu bapfuye,
Dusanganir' Umukiza.