Nirata wa musaraba
Indirimbo ya 250 muri Cantiques Kirundi
1. Nirata wa musaraba
Yesu yampfiriyeko.
Ivyo mu gitabo vyose
Ni ho biserukira.
2. lyo mpuye n' amagorwa,
Mpemukiwe n' abantu,
Umusarab' uzontera
Amahoro y' Imana.
3 Ubu ngendera mu muco
W Iman' izuba ryanje,
Ndushaho kubon' inzira
Kuko nakirwa na yo.
4. Imigisha n' amagorwa
Vyezwa n’ umusaraba,
Mûri wo har' amahoro,
N' umunezero mwinshi.