Wa mwanya mu Getsemane
Indirimbo ya 240 muri Cantiques Kirundi
1. Wa mwanya mu Getsemane
Sinzowibagira
Yes' aho wabir' urwuya
Rusa n' amaraso.
Sinzibagir' amagorwa
Wabonye kubganje,
Wunamye mw ivu kubganje,
Hamw' i Getsemane.
2. Wari mu biti ku kwezi
Hamw' ivyaha vyanje
Vyagutsindagira kw isi:
N' igihano canje.
3. Intumwa zagutayeyo
Na So yihishije,
Ntaho nzomeny’ ivyo vyago
Vyagucumuk uje.
4. Kandi ni nakwibagira,
Mukiz' unyibutse
Rwa rwuya rwawe wabira
Kubganje, kubganje.