Kera can' abungere ni bo batanguye
Indirimbo ya 238 muri Cantiques Kirundi
1. Kera can' abungere ni bo batanguye
Kwumv' inkuru z’ivyiza ko Yes' avutse:
Mw’ijoro ku musozi bumv'amajwi menshi
Y' ingabo zo mw ijuru zishima cane.
Amasakramentu:
Noël, Noël, Noël, Noël,
Havuts' Umwami w' Isirayeli.
2. Kandi n' abanyabgenge naho bari kure
Na bo babony' ikintu cabatangaje:
Babony' ikimenyetso c' inyenyeri nini
Co kuberek' aho Yesu yavukiye.
3. Bamaze kubimenya k’Umukiza yaje,
Bagomvye kuj' iy' ari ngo bamusenge;
Ba banyabgenge bose bamuh' izahabu,
N' imibavu n' isenga bimota neza.
4. Natwe tuje kuri we, n' Umukiza wacu,
Yemeye gucishwa bugufi kubgacu;
Yatuguz' igiciro c' amaraso yiwe,
Ab' impongan' itubuza gupfa rubi.
5. Tumushimire cane kwa kuvuka kwiwe,
Tumushikanir' imitim' imenetse,
Umwami Yes' avuke no kur' uyu musi
Mu mitima ya benshi, bamunezere.