Yes' Umwami wacu hamwe yavuka
Indirimbo ya 236 muri Cantiques Kirundi
1. Yes' Umwami wacu hamwe yavuka
Nta ndaro yaronse, atari mu nka.
Ariko nah' ab' i Betelehemu
Bamwimy' aho kuba, ntituhamwime.
2. Ba bungere bateramiy' ubusho
Bumvis' amagambo ya marayika,
Ntibateba kuramuts' Umukiza:
Natwe ni twihute, tumuhimbaze.
3. Na ba banyabgeng' aho baboneye
Ya nyenyeri nini y’Umwami w' isi.
Bo bagiz' ubgira bgo kuj' iy' ari,
Ngo bamushikanir' ivy' igiciro.
4. Ko nd' umwana gusa, mbega mmuh' iki?
Ba bungere bari bafis' intama,
N' abanyabgenge bashikany' ivyabo:
None nomuh' iki? Mmuh' umutima.