Yemwe bungere ba kera
Indirimbo ya 233 muri Cantiques Kirundi
1. Yemwe bungere ba kera,
Mutubarire none
Ivyo mwabonye nya joro
Hamwe Yesu yavuka.
Amasakramentu:
Duh' Imana, duh’Imana,
Duh' Iman icubahiro,
N' Iy' isumba vyose:
Duh' Imana, duh Imana,
Duh' Iman' icubahiro,
Amahor' abe mw isi.
2. Twar’aho turaririye
Ubusho ku musozi,
Tubona giturumbuka
Marayik' avug' ati
3. Marayik' aratubgira,
At' I Betelehemu
Haravukiy' Umukiza,
Ni we Yesu Krisito.
4. Uwo mwanya haboneka
Ingabo zo mw ijuru,
Zizanan' umuco mwinshi,
Zishim’Imana, ziti
5. Tuve hasi tunyaruka,
Tuj' i Betelehemu,
Dusangayo rwa Ruhinja,
Turuhimbaza, tuti
6. Bungere, mwakoze cane
Ivyo mwatubariye,
Natwe tuze tumushime,
Tumuhimbaze, tuti
Amasakramentu:
Duh'Imana duh’Imana,
Duh' Iman' icubahiro,
N' ly' isumba vyose:
Duh' Imana duh' Imana,
Duh' Iman' icubahiro,
Amahor' abe mw isi.