HamweYesu yavuka, Mariya yabuze
Indirimbo ya 225 muri Cantiques Kirundi
1. HamweYesu yavuka, Mariya yabuze
Aho kurara nez' avyarir' Umukiza
Bitum' amuryamika mu bgato bguhira
Mu kiraro c'inka, naho yar' Uhoraho.
2. Bana, s'igitangaza k' Umukiza wacu
Yemeye rwose kuryama mu bgato bg' inka?
Yesu tuguhimbaze, tugukundir' ivyo,
Ko wahinduw' umworo no gukund' abantu.
3. Ndakwinginze Yes' umpe kuguhora hafi,
No kugukunda can' imisi yanje yose,
Uhezagire kandi na bagenzi banje,
Kugira ngw’abaguhimbaza babe benshi.