Umusi nabonye Yesu
Indirimbo ya 220 muri Cantiques Kirundi
1. Umusi nabonye Yesu
Mu nyonga ziw' icese,
Nzohimbarwa cane rwose:
Ni we yadupfiriye.
Amasakramentu:
Nzomubona, Yes' Umwami,
Mw’ijuru dushitseyo;
Nzobona mu nyonga hiwe
N'icubahiro ciwe.
2. Mfise Yesu mu mutima,
Nararons' urukundo, ;
Umus' umwe Yes' azoza
Kutujana mw’ijuru.
3. Ya marushwa yacu yose,
N' ivyo bitubabaza,
Ivyo vyose bizohera
Umusi twamubonye
4. Aho Yes' azotujana,
Tuzonezerwa cane,
Tumubony' Umwami wacu,
Twoshim' imyaka yose.