Har' umurwa mwiza
Indirimbo ya 214 muri Cantiques Kirundi
1. Har' umurwa mwiza
W’ abera b' Imana
Nta gihumanya,
Nta gihumanya
Kizoja kuri wo.
2. .Mukiz' ubu ndaje,
Mwana w' Uhoraho,
Nyoz' untunganye,
Nyoz’untunganye
Nk’iz’ibibi vyose
3. Mpindur’ubu Mwami
Ncik’umwana wawe
Unzigamishe
Unzigamishe
Inkomezi zawe
4. Hanyum’uz’unshitse
Mu bera b’iwawe
Nsanzwe nd’uwera
Nsanzwe nd’ uwera
Mur’iyo si nziza