Ni muze turirimbane
Indirimbo ya 21 muri Cantiques Kirundi
1. Ni muze turirimbane
N'abera bo mw ijuru, ,
Nah' ar‘ indim' ibihumbi,
Banezerwa kumwe.
2. Bat' Umukiz' abereye
Guhabg' icubahiro,
Natwe tut' Arakubahwa,
Yaradupfiriye!
3. Yes' abereye guhabga
Ubushobozi bginshi
N'ubutunzi n'umugisha
N'ubgenge n' ishimwe
4. Ivyo mw ijuru no mw isi
Mwe n' ibir' ikuzimu,
Ni mukoranire hamwe
Gutazira Yesu.
5. Yemw' ivyaremwe, ja hamwe
Mushim' izina ryera
Ry' lyivyagiye ku ntebe,
N irya wa Mwagazi