Ni muvyuke kurwana
Indirimbo ya 201 muri Cantiques Kirundi
1. Ni muvyuke kurwana
Mwa ntore z' Umwami,
Mutwar' ibirwanishwa
Vyos' Iman' itanga.
Mu nzira yo kunesha
Turongorwa na Yesu:
Kuko yadutsindiye
Tunesha kubgiwe.
2. Inzamba zirayaze,
Mwese mutabare,
Mugend' akabushungwe,
Ntimub' ibijora.
Naho mwosugerezwa
N' ingabo za Satan:
Mureme mu mitima,
Nta nganji zifise.
3. Muvyuke mutabare,
Mushikame cane,
Inkomezi z' inyama
Si zo turwanisha:
Muhagatir' inkota,
Ni yo jambo ry' Imana,
N'ibindi birwanishwa
Vy' uburyo bga Mpwemu.
4. Kand' urugamba rwanyu
Ruzoshira vuba,
Ubu har' akaruru, ;
Ejo ho n'impundu!
Uneshej' azohabga
Igitsibo na Yesu,
Azicarana na we
Ku ntebe y'ubgami.
5. Mushirek'ubu nyene, .
Murwane, muneshe.
Mwizer' izina ryera,
Rirabakomeza.
Maz' ivyo birwanishwa
Mubih' Umwami Yesu,
Muzobon' amahoro
Y'imana mw ijuru.