Ivy'Iman' igomba
Indirimbo ya 192 muri Cantiques Kirundi
1. Ivy'Iman' igomba
Ni vyo ni vyo vyiza;
Kandi naho kenshi
Nterwa n'amarushwa,
Nizer' urukundo
Rw' Umukiza wacu,
Ndazi yukw agomba
Kumpindura mwiza.
Amasakramentu:
Ivy' Iman' igomba
Ni vyo ni vyo vyiza,
Nzoyizera cane
Kw’ari y'iz' ivyiza.
2. Ivy' Iman' igomba
Ni vyo ni vyo vyiza;
Iger' ibimbako,
Nzoyizera cane.
Imfash' ukuboko
Sinogir' ubgoba,
Ni y'impora hafi
Mu bimbako vyose.
3. Ivy’ Iman' igomba
Nanje nzobikunda,
Nzizigir' Imana
Kukw impumuriza:
Nta kibi nya kibi
Coza kumbabaza,
Urukundo rwayo
Runzigama cane.