Inzira y' umusaraba ni yo
Indirimbo ya 184 muri Cantiques Kirundi
1. Inzira y' umusaraba ni yo
Izonshikana mw ijuru gusa:
Sinzobon' ibirimba vy' umuco
Ni nahusha ya nzira ya Yesu.
Amasakramentu:
Nta yindi nzir' iriho na mba
Atar' iyo y' Umukiza,
Jnzir' inshikana kwa Data
N' iy' umusaraba.
2. Ni nagomba kuj' ahera cane
No kubonana n' Imana yanje,
Nkwiye kujan' inzir' Umukiza
Yesu yaciyemwo y' amaraso.
3. Nasezey' inzira zose z'isi,
Sinzosubira guca muri zo,
Dat' arampamagar' ati Ngwino,
Nkujan' aho naguteguriye.