Uhereye kera hose
Indirimbo ya 163 muri Cantiques Kirundi
1. Uhereye kera hose
Yesu yamy' ari mw ijuru
Ar' i buryo bg' Uhoraho, Ni yo
Man’ isumba vyose.
2. Urukundo rwiwe rwinshi
Rwamuzanye mur' iyi si,
Avuka nk' abandi bantu,
Ashir' ubgan' arakura.
3. Akuze yigish' abantu
Ivy' Imana vyiza vyose,
Abarwaye bamwizeye
Yabakiz’ ivyago vyabo.
4. Kandi yakiz' ibimuga
Abibgiy' ijambo gusa,
Yakor' abanyamibembe,
Bamwizeye bagakira.
5. Kandi n'abari bapfuye
Yashobora kubazura,
Nta ho Yesu vyamwankira
Gukiz' umunt’ amwizeye.
6. Kand' ikirut' ivyo vyose
Yakunda kubgir' aboro
Ivy' urukundo rw' Imana,
N'agakiza kadashira.
7. Maz' abantu babi cane
Batemey' ivyo yavuze,
Baterwa n'ishari ryinshi
Kumufata no kumwica.
8. Babamb' Umukiza wacu
Ku musaraba w'isoni,
Bamutoboy' ibiganza
Yakirish' abababaye.
9. Nuko yaradupfiriye
Ngw adukiz' ivyaha vyacu,
Aja mu gishingo cacu;
N'umunyarukundo rwinshi.
10. Kand' uz' ah' ar' amwizeye
Ntiyobura kumwakira;
Yarasezeranij' ati
Sinzirukan' uj' aho ndi.