Ngwin' umbgir' ivya Yesu
Indirimbo ya 162 muri Cantiques Kirundi
1. Ngwin' umbgir' ivya Yesu,
Ingene yankunze,
Uko yavuye mw ijuru
Ngw agender’ abantu.
Amasakramentu:
Mbarir' ivy' ico gihe,
Ivy' akanyamuneza,
Vug' ivya Yesu wacu
N' urukundo rwiwe.
2. Twogereranya n' iki
Ivyo yababajwe.
Yaremeye no kubambga,
Ngw adukiz' ivyaha.
3. Ubushobozi bgiwe
Ni bgo bgamuzuye,
Tureke gutiny' urupfu,
Natw' azotuzura.
4. Twibuk' ijambo ryiwe,
Ati Nzogaruka,
Mbajan' i wanj' i muhira,
Mbaruhurireyo.
5. Tubgir’ aband' ivyiwe,
N' urupfu yapfuye,
Bumv’ ivyo yabakoreye,
Bamukurikire.