Umvir' ijwi rya Yesu
Indirimbo ya 158 muri Cantiques Kirundi
1. Umvir' ijwi rya Yesu,
Ni we Mukiza wawe;
Umv' arakubaz' ati
Munyavyah' urankunda?
2. Nyina yokwibagira
Uruhinja yavyaye?
Nah' ivyo vyoshoboka, '
Jeho nama nkwibuka.
3. Ni je nakubohoye,
Nkuvur' ibikomere.
Ni je naguhabuye,
Nkwakir' uri mu mwiza.
4. Kand' urukundo rwanje
N'akaburarugero,
Rurut' urundi rwose,
Kuko rutarangira. ;
5. Igihe ni cashika
Nzokujana mw ijuru,
Tuzosangir' ubgami:
Mbega non' urankunda?
6. Yesu birambabaje
Ko ngukund' urukundo
Ruke ruri mu nyuma
Y'urwo rukundo rwawe.
7. Ariko ndagukunda,
Naho bidashimitse:
Umpe kurushiriza
Kugukunda, Mukiza.