Ndatangara nshits' imbere
Indirimbo ya 155 muri Cantiques Kirundi
1. Ndatangara nshits' imbere
Y'Umunyanazareti,
Nibaza ntangaye cane
Icamunkundishije
Amasakramentu:
N'igitangaza, n'igitangaza,
Ni yo ndirimbo yanje;
N'igitangaza, n'igitangaza
Yuko Yesu yankunz' atyo.
2. Ni kubganje yasenz' ati
Ntibibe nk' uko ngomba;
Ivyiwe si vyo vyamwishe,
N'ivyaha vyanje gusa.
3. Nibuk' ingene yabize
Urwuya nk' amaraso;
Ivyo vyabaye kubganje
Rya jor' i Getsemane.
4. Yikorey’ivyanje vyaha
Abihindur' ivyiwe;
Naho w'ata co yakoze:
Vyose yarabizize.
5. Yangiriye mu gishingo
Ngo nze nkir' urwo rupfu,
Ni naja mw ijuru na ho
Nzatur' uko yankunze.