Dushimish' Imana
Indirimbo ya 15 muri Cantiques Kirundi
1. Dushimish' Imana
Imitima n' amajwi,
Abo mw isi bose
Bayitazire cane,
Yam’ iduh' ivyiza
Guhera mu bgana,
Kand' uko yahoze
Na none ni kw’ iri.
2. Imana y'ubuntu
Yam' iba hafi yacu,
Iduh' akaneza
N' amahor' adashira.
Idukiz' ivyago,
Itwerek’ inzira,
Iturind' ivyaha,
Gushitsa ku gupfa.
3. Muremyi wa twese,
Dushim' izina ryawe
N' iry' Umwana wawe
Watanz' akadupfira,
Dushime na Mpwemu,
Ni mwebge Butatu,
Burimw' Iman' imwe:
Turaguhimbaza.