Rukundo rurut' urundi
Indirimbo ya 146 muri Cantiques Kirundi
1. Rukundo rurut' urundi
Ngwin' utwuzure none,
C’usohor' urwanko rwacu.
Ngwin' utugereremwo.
2. Yesu we, Munyakigongwe,
Zan' agakiza kawe,
Shika mu mitima yacu
Utwuzuz' urukundo.
3. Tuma Mpwemu wawe Yera
Atubarir' ivyawe,
Tubone kuragw’ivyiza
Wadusezeranije.
4. Udukuremw' agatima
Kama gakund' ivyaha,
Ntidutwarwe na k'ukundi:
B'ari wew' utuganza.
5. N' uze se Soko y' ubuntu,
Kuko tugukumbuye,
Ducik ivyaremwe bisha
Bitagir' agasembga.
6. Tuzogutazira Mwami,
Ni twashika mw ijuru,
Dushiz’ibitsib' imbere
Y’ intebe yawe yera.