Ni vyiza kugukorera
Indirimbo ya 145 muri Cantiques Kirundi
1. Ni vyiza kugukorera
Mukiza wanje
Ni ryo shikanwa nshikanye,
Rirannezera.
Amasakramentu:
Akir' ubugingo bganje,
N' ubgawe Yesu;
Kandi kubg' ubuntu bgawe
Undind' Umubi.
2. Mwam' ico nifuza cane
N' ukwera kwawe.
Nta kindi ngikund' atari
Kugukorera.
3. Ngomba kugukorera nka
Za ntumwa zawe,
Ngukurikire Mukiza,
Nkwubahe rwose.
4. Singitiny’ umubabaro
N' ibindi vyago;
Ni wewe kwizera kwanje,
N' ivyiza vyanje.
5. Twese tuj' imbere hamwe
Muri bga bgiza;
Turirimban' indirimbo,
Twame tunesha.