Untwar' untwar' untware Yesu
Indirimbo ya 142 muri Cantiques Kirundi
1. Untwar' untwar' untware Yesu,
Mwami Yesu, ng' unganze,
Nsabisha mb‘ umushumba wawe,
Mwami Yesu, ng' unganze.
2. Ivyaha vyanje vyari vyinshi,
Mwami Yesu, ng' unganze,
Ariko warabinkuyeko,
Mwami Yesu, ng' unganze.
3. Warampay' amahoro menshi
Mwami Yesu, ng' unganze,
Aho wanshika mu mutima,
Mwami Yesu, ng' unganze.
4. Gumana nanj’imisi yose
Mwami Yesu, ng' unganze,
Ni tutabana nzoba mpfuye,
Mwami Yesu, ng' unganze.