Mwami, nguhay' ubugingo
Indirimbo ya 141 muri Cantiques Kirundi
1. Mwami, nguhay' ubugingo
Kuko wantangiy' ubgawe,
Umpe kwama nkuyobotse
Murokozi wanje.
Amasakramentu:
Nzama nd' uw’ uwampfiriye,
Mfis' umunezero mwinshi,
Nta ho nciganza, nd' uwiwe,
N' Umukiza wanje.
2. Nizigiye k'unzigama
Kuko wapfuye ngo mbeho,
Nzama nkwizigira Yesu,
Murokozi wanje.
3. Wampfiriy' i Gologota
Rugira ng' unkize simpfe,
None ndakwihaye rwose,
Murokozi wanje.