Yesu, Mukiza wanje
Indirimbo ya 138 muri Cantiques Kirundi
1. Yesu, Mukiza wanje,
Nguhany' akaneza
Uyu mubiri wanje
Ng’ub' uwawe wose.
Amasakramentu:
Emer' ico nshikanye
Mukunzi w' Imana,
Utume Mpwemu Yera
Aze kuri jewe
2. Sintinya no kuguha
Ubugingo bganje,
Kubg' imbabazi zawe,
Mucunguzi wanje.
3. Kand' umuriro musha
Wake muri jewe,
Ummare mu mutima
Ibitar' ivyawe.
4. Yesu Mwam' uze vuba
Ube Databuja,
Mb' uwaw’ imisi yose,
Kuk' uzam' unkunda