Ubu bugingo bganje bgose
Indirimbo ya 136 muri Cantiques Kirundi
1. Ubu bugingo bganje bgose,
Ehe ndabuguhaye Mukiza,
Kand' ukubaho kwanje kwose
Nze name nkunezereza Mwami,
Nze name nkunezereza.
2. Aya maboko yanje Mwami,
Yam' akor’ ivy' umbarira vyose,
Ibi birenge vyanje na vyo
Ngo bij'ah'ugomba gusa Mwami,
Ngo bij' ah'ugomba gusa.
3. Kand' ijwi ryanje na ryo n' uko,
Ngo rib’iryo kugushimagiza,
Kand' aka kanwa kanje Yesu,
Ngo nkavugish' ubutumwa bgawe,
Ngo nkavugish' ubutumwa.
4. Kand' ivyo mfise vyose, Mwami,
Sinoshobora no kubikwima,
N' ubgenge bganje na bgo nyene
Uhor' ubukoresh' ivy' ugomba,
Ubukoresh' ivy' ugomba.
5. Hindur' uyu mutima wanje,
Ivy' ukunda bib' ari vyo nkunda,
Simbe ngisubira kuvyanka,
Mmenye kw ari wewe Mwami wanje,
Mmenye kw ari wewe Mwami.
6. Uko mfis’urukundo kwose
Kub' ari ko nzohora ngukunda,
N' unyemere mb' uwawe rwose,
Ehe nditanze, simbe nciganza,
Nditanze, simbe nciganza. .